Burundi: Abasirikare 11 barikuye mu ngabo

Abasirikare 11 baramaze gutoroka abandi ntibataha barangije ubutumwa reta yabarungitsemwo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare 11 baramaze gutoroka abandi ntibataha barangije ubutumwa reta yabarungitsemwo

Igisirikare c’uburundi cemeza ko hari abasirikare bagize igihe batoroka canke batagaruka mu gihugu bahejeje ubutumwa barungitsemwo hanze kubera ubwoba bw’uko bashobora gufatwa.

Ku bw’umuvugizi w’urwo rwego Colonel Gaspard Baratuza, ubwo bwoba bwaturutse ku ntonde zakwiragiye ku mbuga hwaniro z’abasirikare boba bariko bararonderwa ngo bafatwe.

Ivyo bigahurirana n’ayandi makuru avuga ko hari abasirikare bamaze iminsi bafatwa na cane cane mw’ishure rikuru ry’abasirikare ISCAM bakaja gusambishwa mw’iperereza abandi bakaburwa irengero.

Colonel Baratuza yemeje ko hari abasirikare bahevye ishure haba mu Burundi canke hanze canke abatatashe bahejeje icabajanye mu mahanga bose bakaba ari 11, abanyeshure batanu muri kaminuza ya gisirikare Iscam y’i Bujumbura, bane kuri 17 bari bahejeje ivyigwa vy’imyaka itanu muri Ethiopia na babiri mu Bubiligi batari bwaheze ishure.

Colonel Bartuza avuga ko abo bose batwawe n’ubwoba bw’ivyo babonye vyanditswe ku mbuga hwaniro zo guhana hana amakuru.

Ku bwa Colonel Baratuza ngo nta musirikare yari akwiye guterwa ubwoba n’ivyandikwa irya n’ino, na yo ngo gufatwa umuntu agasambishwa n’ibisanzwe iyo inzego hagaze ico zimukekako.

Kuva habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi na bamwe mu basirikare mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, hari abasirikare bagiye baratoroka abandi baricwa muri urwo rwego rubona nk’ibikorwa c’abashaka gusambura igihugu babanje gucanishamwo urwego rwa gisirikare rugizwe n’abasirikare ba kera n’abohoze mu mihari yagwanya leta ari na yo yavuyemwo umugambwe CNDD FDD uru ku butegetsi muri iki gihe.