Abataliban bafashe umuji ukomeye muri Afghanistan

Umusikare wa leta ahejeje kurasa rokete ku kirindiro c'Abataliban i Kunduz itariki 16/08/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba leta ya Afghanistan bavuga ko kubura amasasu biri mu vyatumye Khanabad ifatwa n'Abataliban

Abajejwe intwaro muri Afghanistan bamenyesha ko abarwanyi b'Abataliban bafashe umuji ukomeye mu ntara ya Kunduz iri mu buraruko bw'igihugu.

Vyatumye abasirikare ba leta baca bava muri uwo muji, usanzwe ariwo murwa mukuru w'intara ya Kunduz.

Bavuga ko ubukene bw'amasasu hamwe no kubura abafasha biri mu vyatumye umuji wa Khanabad ufatwa.

Abataliban bavuga ko bafashe uwundi muji wa Hesarak mu ntara ya Nangarhar, ku birometero nk'amajana atanu werekeza mu bumanuko bwa Kunduz.

Abajewe intwaro ariko babihakanye bavuga ko aribo bakigenzura uwo muji.

Ibindi bisa n’ibi