Prezida Dos Santos yasubiye gutorerwa kurongora MPLA

Prezida Jose Eduardo dos Santos mu 2008 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Jose Eduardo dos Santos amaze imyaka 36 atwaye Angola

Umukuru w'igihugu ca Angola, Jose Eduardo dos Santos, amaze imyaka 36 ku butegetsi, yasubiye gutorerwa kurongora umugambwe uri ku butegetsi, MPLA.

Amatora y'abashingamateka azoba mu mwaka uza kandi umukuru w'umugambwe utsinze ayo matora niwe aca uba umukuru w'igihugu.

Bwana dos Santos yavuze mu ntango z'uno mwaka ko azova ku butegetsi mu 2018, ariko yarigeze kwemera ibisa n'ivyo mu myaka yaheze.

Uwo mugabo w'imyaka mirongo indwi n'itatu yaranenzwe yagirizwa kuba ashira ubutegetsi bwose hamwe n'ubutunzi bw'igihugu ca Angola mu minwe y'umuryango wiwe hamwe n'abanyepolitike begeranye.