Ubushinwa bwuguruye ikiraro c'ibiyo kiri ku metero 300

Ikiraro c'ibiyo mu Bushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ikiraro c'ibiyo Ubushinwa bwuguruye nico kinini kurusha ibindi kw'isi

Ubushinwa bwugururiye abakerarugendo ikiraro ca mbere kinini kw'isi gikozwe mu biyo, kikaba gihagaze ku burebure bw'imetero amajana atatu.

Ico kiraro cuguruwe uno munsi kiri ku manga ya Zhangjiajie mu ntara ya Hunan.

Abagendera ico kiraro bashobora kuraba kure cane hasi bacishije mu duce micongo icenda c'icenda tw'ibiyo bigize ico kiraro.

Ico kiraro kandi kirakomeye ku buryo cocako n'imiduga, ariko kirekuriwe abagenda n'amaguru gusa, kikaba cakira abantu ibihumbi umunani ku munsi.

Ibiraro vy'ibiyo hamwe n'inzira nk'izo zihanamye ku misozi, birakunzwe cane mu Bushinwa, bigatanga amasanamu abereye ijisho cane cane ku bakoze ubukwe.

Ibindi bisa n’ibi