Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bariyama umuryango AU

Abatavuga rumwe na leta ya Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bategekanya imyiyerekano yo kwiyamiriza ibiganiro bishakwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika

Urunani rushasha rw'abatavuga rumwe na leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo rwiyamirije ibiganiro bisabwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Mu rwandiko rwasohoye nyuma y'inama yihutirwa, urwo runani rwagirije umuhuza wa AU, Edem Kodjo, kuba ashaka gukora uko ashoboye ngo Prezida Joseph Kabila agume ku butegetsi ikiringo ca gatatu, hirengagijwe ibwirizwa shingiro.

Urwo runani rwahamagaje imyiyerekano kuwa kabiri, umunsi bwana Kodjo, yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Togo, yagenye ngo uzobereko intangamarara y'ibiganiro nyuma y'aho leta irekuriye zimwe mu mpfungwa za politike.

Amatora muri Kongo yagomba kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko yaratebejwe kandi sentare ntahinyuzwa ya Kongo iramaze kuvuga ko bwana Kabila ashobora kuguma ku butegetsi gushika igihe ayo matora azobera.