Igiteramo Festival Amahoro mu gisagara ca Bujumbura

Amahoro Festival
Image caption Imigwi mirongo ine niyo yitavye Amahoro Festival

I Bujumbura mu Burundi hatunganijwe igiteramo citiriwe Festival Amahoro, kigamije gukangurira abantu ku kamaro k'amahoro nyuma y'ivyo u Burundi bihitiyemwo.

Imigwi irenga 40 yitavye igiteramo citiwe amahoro catunganijwe n'ishirahamwe ry'abarirumvyi mu Burundi "Amical des musiciens du Burundi".

Image caption Umwiteguro watanguye kare kuri Stade Prince Louis Rwagasore

Abaririmvyi batandukanye, abamaze kumenyekana n'abatazwi neza bari bitavye ico giteramo.

Uwurongoye Amical des musiciens du Burundi, Bruno Simbavimbere batazira Member, avuga ko bashaka kwibutsa Abarundi ko ari co kintu gikomeye mu mibano yabo.

Ico giteramo gitunganijwe ubwa mbere mu gisagara ca Bujumbura, ariko hakaba hategekanijwe n'ibindi bizokurikora mu turere tundi tugize u Burundi.

Raba ngaha amasanamu y'igiteramo Festival Amahoro

Abantu batari bake bitavye ico giteramo, ahanini hakaba hagwiriyemwo urwaruka.

Reta yaserukiwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo.