Eliud Kipchoge yatsinze ihiganwa rya nyuma rya Rio 2016

Eliud Kipchoge Uwufise ububasha kw’isanamu Allsports/Getty Images
Image caption Eliud Kipchoge yatahukanye umudari w'inzahabu muri Olempike ku nshuro ya mbere

Umunyakenya Eliud Kipchoge yatsinze ihiganwa rya marathon, rya nyuma mu nkino za Olempike 2016 zabera i Rio de Janeiro muri Brezil.

Bwari ubugira gatatu agerageje gutsindira umudari w'inzahabu, akaba yari amaze gutsindira umudari w'umujumbu hamwe n'uw'umwakaka mu nkino za Athenes na Beijing.

Uwa kabiri yabaye Umunyethiopia Feyisa Lilesa uwa gatatu nawe aba Umunyamerika Galen Rupp.

Mu gihe hasigaye imikino mike, ibihugu mirongo umunani n'indwi nivyo vyatsindiye imidari, n'imiburiburi umudari umwe, i Rio kandi ibihugu cumi bitahanye imidari yavyo ya mbere y'inzahabu muri Olempique.

Ivyo bihugu birimwo Kosovo, yari igiye mu nkino Olempique zayo za mbere hamwe na Puerto Rico yaronse umudari ku nshuro ya cumi n'umunani igerageza.