Sarkozy yatangaje ko azitoza kandi kuba Prezida

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Sarkozy yamenyesheje ko azitoza kandi muri ico kibanza

Uwahoze ari prezida w’Ubufaransa, Nicolas Sarkozy, yamenyesheje ko azosubira kwitoza kandi muri ayo mabanga.

Prezida Sarkozy yatsinzwe mu matora n’umukuru w’igihugu ahari ubu Francois Hollande my matora yabaye haraheze imyaka ine.

Ico gihe, yari yavuze ko ahagaritse ibikorwa vya politike, ariko inyuma y’imyaka ibiri yaciye asubira gukora politike.

Sarkozy n’umwe muri benshi bashaka kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Francois Fillon n’umushikiranganji w’imigenderanire Alain Juppe.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Prezida Salkozy yarigeze guhagarikwa n'igipolisi ku mvo z'amatohoza

Sarkozy yagirizwa igiturire, aho yanagerageje gukoresh iyo nzira mu gushiraho umushikirizamanza wa sentare nkuru, kugira amufashe gusimba amatohoza amwerekeye.