Umugambwe ANC watsinzwe I Johannesburg

Umugambwe utavuga rumwe na reta mu gihugu ca Afrika y'epfo, Democratic Alliance, watsinze amatora y'umukuru w'igisagara ca Johannesburg Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Umugambwe utavuga rumwe na reta mu gihugu ca Afrika y'epfo, Democratic Alliance, watsinze amatora y'umukuru w'igisagara ca Johannesburg

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo, ANC, catsinzwe mu matora y’umuguru w’igisagara ca Johannesburg, aho hatowe Herman Mashamba wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta wa Democratic Alliance.

Umugambwe wa ANC uri ku butegetsi kuva havuye intwaro karyanishamiryango mu gihugu ca Afrika y’epfo, haraheze imyaka irenga 20.

Mashamba yemereye ababa muri ico gisagara, guhindura uko kirongowe.

ANC yatsinzwe mu ntara nyinshi mu matora yabaye mu kwezi guheze, ariko n’ubu ni wo mugamweukomeye cane kandi umaze imyaka myinshi muri ico gihugu.