Uburusiya ntibuzoja mu nkino za Paralempike Rio

Uburusiya bwatsindiye imidari 80 harimwo 30 y'inzahabu mu nkino za Sochi mu 2014. Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Uburusiya bwatsindiye imidari 80 harimwo 30 y'inzahabu mu nkino za Sochi mu 2014.

Uburusiya ntibuzokwitaba inkino za Olempike z’abagendana ubumuga zitegekanijwe mu kwezi kuza, inyuma yo gutsindwa mw’iyungururizo ku ngingo yafashwe yo kutaja muri izo nkino bagirizwa gufasha mu gufata imiti yongereza inguvu.

Sentare itatura amatati ya Sport (Cas) yagumijeho ibihano vyo guhagarika muri izo nkino Uburusiya, vyafashwe n’akanama mpuzamakungu k’inkino z’abagendana ubumuga (IPC) ku banonotsi bose b’Uburusiya.

IPC yafashe iyo ngingo yifadikije icegeranyo ca McLaren, aho cerekana ido n’ido y’ingene reta y’Uburusiya yafashije mu mugambi wo gufata imiti yongereza inguvu.

Inkino za Paralempike zizotangura itariki 7 z’ukwezi kw’icenda.

Ingingo ya IPC yo kubuza imigwi yose y’Uburusiya kwitaba ihiganwa “ihuye n’icaha cakozwe”, nk’uko abagize akanama ka CAS babishikirije, aho bavuze ko bashobora gushira ahabona ivyo bishimikije mu gufata iyo ngingo mu mwanya uza kuza.

Bongeyeko ko akanama ka Paralempike k’Uburusiya katigeze kazana insiguro zivuguruza ivyo IPC ibarega.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Uburusiya bwatsindiye imidari 80 harimwo 30 y'inzahabu mu nkino za Sochi mu 2014.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya Dmitry Medvedev yishuye avuga ko ari ingingo “y’agashinyaguro”, mu gihe umushikiranganji w’inkino Vitaly Mutko yavuze ko uko guhagarikwa ari “ingingo ya politike”