Imyiyerekano yatumye amaduka yugarwa i Kinshasa

Imyiyerekano yatumye amaduka yugara ikinshasa
Image caption Imyiyerekano yatumye amaduka yugara ikinshasa

Abafise amaduka mu gisagara ca Kinshasa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ntibuguruye kubera imyiyerekano.

Iyo myiyerekano yahamagawe n’abatavuga rumwe na reta kubera ukugerageza kwigiza imbere amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, hamwe rero no gusaba ko abapfungiwe ivya politike bose barekurwa.

Kuri uyu wa mbere, prezida Kabila yarekuye abanyororo 24.

Ariko abatavuga rumwe na reta bavuga ko ico gitigiri ari gito cane.

Image caption Uruja n'uruza rwari rwagabanutse

Imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta MLC na UPDS yanse kwitaba ibiganiro bihuza impande zose, yiyamirije iyo ngingo, isaba ko abanyororo barenga ijana bapfunzwe borekurwa.