Burundi: Abantu 8 barafashwe bagirizwa gutyoza inzego

Imbuga ngurukanabumenyi mu Burundi zarakoreshejwe mu guhanahana amakuru mu gihe c'imyiyerekano
Image caption Imbuga ngurukanabumenyi mu Burundi zarakoreshejwe mu guhanahana amakuru mu gihe c'imyiyerekano

Abantu umunani bari mu minwe y’abajejwe umutekano mu Burundi bagirizwa gutyoza inzego z'igihugu no kwambika ibara abazigize babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, nk'uko vyemezwa na Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi.

Abo umunani bahagaritswe itariki 20 mu kwezi kw’umunani mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe bari mu nama yo kwandika ubutumwa bwo gukwiragiza ku mbuga ngurukanabumenyi, nk’uko abandanya abivuga.

Prezida Pierre Nkurunziza yariyamirijwe mu myiyerekano ikaze, haranageragezwa kumukura ku butegetsi hakoreshejwe inguvu, inyuma y’aho mu kwezi kwa kane umwaka uheze, amenyeshereje ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ubugira gatatu.

Image caption Prezida Nkurunziza yagirizwa kwiyongera ikiringo ca gatatu no gutwaza umukazo

Yaratsinze amatora yatunganijwe mu mwaka uheze, abo batavuga rumwe bavuga ko atakurikije amategeko kandi yateje isoni igihugu.

Abantu barenga 500 baramaze kubura ubuzima kuva mu kwezi kwa kane 2015, abandi barenga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu bakaba bahungiye mu bihugu bibanyi.