Ibimodoka bitamenwa vya Turkia vyinjiye muri Syria

Umwotsi mu kirere inyuma y'ibitero vy'indege i Jarablus itariki 24 z'ukwezi kw'umunani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwotsi mu kirere inyuma y'ibitero vy'indege i Jarablus itariki 24 z'ukwezi kw'umunani

Ibimodoka bitamenwa vy’igisirikare ca Turkia birenga mirongo ibiri, vyajautse urubibe bihana na Syria inyuma y’ibimbombe vyatewe mu karere kari mu minwe ya IS.

Inkuru ziva mu gisirikare zashikiriye ibinyamakuru vya Turkia zivuga ko hatewe ibibanza 70 mu karere ka Jarablus vyasambuwe n’ibikoho bikomakomeye hamwe n’ibitero vya rokete, ibindi 12 bisamburwa n’ibitero vyo mu kirere.

Igisirikare kidasanzwe ca Turkia cinjiye muri Syria kare cane.

Prezida Recep Tayyip Erdogan yavuze ko ivyo bitero vyari bitumbereye umugwi wa IS gamwe n’abagwanyi b’aba Kurde.

Turkia caragize ibitero ku bagwanyi b’aba kurde bo muri Syria muri ako karere mu ndwi iheze, bashaka kubabuza kuja mu bibanza bivuyemwo IS, nk’uko bivugwa n’umunyamakuru wa BBC Mark Lowen ari I Gaziantep, hegereye urubibe rwa Syria.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibimodoka bitamenwa birenga mirongo ibiri vya Turkia vyinjiye muri Syria

Ubwoba bwa Turkia, n’uko abakurde bashobora kugira akarere kigenga bagenzura kegereye urubibe ivyo bihugu bihana, kuko vyoha inguvu aba kurde bo muri Turkia basanzwe bagwanya reta.

Mu bindi bikorwa vy’abajejwe umutekano, igpolisi catanguye umusako w’abarwanyi ba IS mu gisagara ca Instanbul cose.

Icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika, Joe Biden yashitse muri Turkia ku wa gatatu, urugendo rw’umutegetsi wo hejuru wo mu bihugu vya Buraya kuva habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ku wa 15 ukwezi kw’indwi.