Uwahoze arongoye abanonotsi muri Kenya yitavye Imana

Isaiah Kiplagat yahoze arongoye ishirahamwe ry'abanonotsi muri Kenya
Image caption Isaiah Kiplagat yahoze arongoye ishirahamwe ry'abanonotsi muri Kenya

Asaiah Kiplagat, yaheruka guhagarikwa mu mabanga yo kurongora ishirahamwe ry’abanonotsi mu gihugu ca Kenya, yitavye Imana afise imyaka 72.

Bivugwa ko yazize ingwara ya cancer.

Kiplagat n’abandi bategetsi babiri muvyo kwinonora imitsi, David Okeyo na Joseph Kinyua bari bahagaritswe ku mirimo yabo bisabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.

Bose bagirizwa kudakurikiza amategeko yo kudakoresha imiti yongereza inguvu ku banonotsi.