Wokwikatisha ibice vy'umubiri kugira uronke amahera?

Uwo mupfasoni yari yavuze ko yagonzwe na gariyamoshi
Image caption Uwo mupfasoni yari yavuze ko yagonzwe na gariyamoshi

Umupfasoni umwe wo mu gihugu ca Vietnam yemeye ko yikatishije ukuguru n’igice c’ukuboko kugira asabe indishi mw’ishirahamwe ry’ubwishingizi, nk’uko igipolisi kibivuga.

Mu kwezi kwa gatanu, uwo mupfasoni w’imyaka 30, azwi kw’izina rya “Ly Thi N”, yarabeshe ko yagonzwe na gariyamoshi, nk’uko ikinyamakuru c’igipolisi ca Vietnam kivyandika.

Ariko ubu bivugwa ko yemeye ko yarishe umugenzi wiwe amadolali 2.200 kugira amukate ivyo bihimba vy’umubiri.

Intumbero yari iyo kwishuza amadolali arenga 150.000 mw’ishirahamwe ry’ubwishingizi arimwo.

Umuntu yigize uwariko ararengana yamutoye azwi kw’izina rya “Doan Van D”, ari na we yamukase ivyo bihimba vy’umubiri, yaciye ahamagara imodoka itwara abagwayi, avuga ko yamusanze yakomeretse mw’ibarabara ry’indarayi rya Hanoi.

Amafoto yerekanywe n’ikinyamakuru c’igipolisi, zerekana uwo mupfasoni, inyuma y’amezi atatu ivyo bibaye, yarakize ibikomere.

Azwi ko akora akazi ko kudandaza ariko bigoranye, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Ivyo bintu bidasanzwe vyabaye vyatumye bikwega impair nyinshi ku mbuga ngurukanabumenyi mu gihugu ca Vietnam, benshi biyavyiyamira bimwe bikomeye.