Blatter yasubiye muri sentare

Sepp Blatter araja muri sentare kwumviriza urwo rubanza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sepp Blatter araja muri sentare kwumviriza urwo rubanza

Uwahoze ari prezida w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, FIFA, Sepp Blatter, yunguruje urubanza yaciriwe rwo kudakora igikorwa na kimwe kibijanye n’umupira w’amaguru.

Blatter araja muri sentare kumviriza urwo rubanza rwumvirizwa na sentare y’inkino yo mu gihugu ca Suisse.

Avugana n’abamenyeshamakuru mu gisagara ca Lausanne, yavuze ko yumva afise icizere.

Blatter yafatiwe ibihano mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze, kubera yarishe amahera arenga amadolali imiliyoni mirongo ibiri uwahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya, Michel Platini, mu myaka itanu iheze.

Mu kwezi kwa gatanu, Platini yagabanirijwe imyaka yari yaciriwe yo kudakora igikorwa ico ari co cose cerekeye umupira w’amaguru, kuva ku myaka itandatu ija ku myaka ine, n’aho yari yasavye ko ico gihano cofutwa.