Turkia iragabisha kwinjira muri Syria

Turkia ivuga ko abagwanyi b'aba kurde bp muri Syria (YPG) bafitaniye isano n'aba PKK bo muri Turkia Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Turkia ivuga ko abagwanyi b'aba kurde bp muri Syria (YPG) bafitaniye isano n'aba PKK bo muri Turkia

Turkia yagabishije ko ifise uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ca Syria, mu gihe abagwanyi b’aba kurde batova mu buseruko bw’uruzi Euphrate mu kiringo c’indwi imwe.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Fikri Isik, yavuze ivyo mu gihe ibimodoka vyinshi bitamenwa vya Turkia bivugwa ko vyajabutse muri Syria.

Ku musi wa gatatu, Turkia yaragize ibitero ifashijwe na Amerika muri ico gihugu.

Urunani rw’aba Kurdes ruzwi kw’izina rya SDF rwaratujije abagwanyi ba IS mu gisagara ca Manbij mu burengero w’uruzi Euphrate.

Abagwanyi b’aba kurde, YPG, barasohoye itangazo bavuga ko abagwanyi babo baza baramaze kuva I Manbij nasubira mu birindiro vyabo.