Abantu indwi biciwe mu gitero i Mogadishu muri Somalia

Abateye babiri bishwe uwund umwe arafatwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abateye babiri bishwe uwund umwe arafatwa

Abantu bitwaje inkoho bateye mu bunywero bumwe I Mogadishu bica abantu indwi.

Ico gitero catanguriwe n’iturika ry’ikibombe cari gitezwe mu modoka hanze gato y’ubwo bunywero bwa Beach Club, mu karere ka Lido.

Munyuma, haciye haba ukurasana bikomeye.

Igipolisi kiviga ko babiri mubateye biciwe muri ico gitero cabaye ku wa kane ku mugoroba.

Uwundi muri abo bateye wa gatatu yakomeretse gato aca arafatwa.

Umugwi wa ki islam wa al Shabab yama ugira ibitero mu giosagara ca Mogadishu no mu tundi turere twa Somalia.

Mu ntango z’uyu mwaka, abantu 17 baritavye Imana inyuma y’aho abagwanyi ba Al Shabab batereye mu bundi bunywero mu karere ka Lido nyene.