Ubwato bwa Amerika bwagize ingorane mu mazi ya Iran

Ubwato wa Iran bwasugereje ubwa Amerika mu mazi mpuzamakungu
Image caption Ubwato wa Iran bwasugereje ubwa Amerika mu mazi mpuzamakungu

Ibushikiranganji wo kwivuna abansi bwa Amerika buvuga ko ubwato bumwe bw’ico gihugu bwarashe igisase inyuma y’aho ubwato bumwe bugenda bwihuta bwa Iran bwari bubusugereje.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Peter Cook, yavuze ko habaye ibintu vyinshi muri iyi ndwi aho ubwato bwa Iran bwakoze ico umuntu yokwita guteza umutekano muke.

Rimwe ubwato bwa Iran bwaregereye cane nko kumetero amajana abiri ubwato bwa Amerika.

Inyifato ya Iran ntikwiye kwihanganirwa na rirya ubwo bwato bwari ku rubibe bw’amazi mpuzamakungu.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Iran Gen Hosei n Deh-ghan yatangaje ko ivyo bikorwa bizobandanya kugira babuze ubwato bw’ibindi bihugu kwinjira mu mazi ya Iran.