Abapolisi 11 bahitanywe na bombe muri Turkia

Ikibombe giteze mu modoka cahitanye abapolisi 11 abandi 70 barakomereka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibombe giteze mu modoka cahitanye abapolisi 11 abandi 70 barakomereka

Ibombe yari iteze mu modoka yaturitse ku cicero gikuru c’igipolisi co kugwanya akajagari mu gisagara ca Cizre, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turkia, ihitana abapolisi 11, abandi 70 barakomereka.

Uwakoze ico gitero ntaramenyekana, ariko ibimenyeshamakuru vyo muri Turkia vyagiriza umugambwe w’abakozi b’aba kurde, PKK, cahagaritswe, ko ari wo wagize ico gitero.

Ababa mu gisagara ca Cizr bamaze amezi atari make baragabishijwe ko batopfa kwiyerereza, n’inzego zijejwe guhangana ma PKK aho muri Turkia.

Akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu kasavye ko haba amatohoza ku bivugwa ko hari abantu boba barenga 100 baturiwe gushika bacikane, bari basavye indaro mu Cuma kiri mu kuzimu mu gisagara ca Cizr, igisagara kirimwo ubukene bwinshi kiri ku rubibe bihana na Syria.

Reta ya Turkia yahakanye ko hari abanyagihugu bakorewe ibintu nk’ivyo.

Abajejwe umutekano muri Turkia bamaze igihe bagira ibitero ku bagwanyi ba PKK, kuva harenzwe ku masezerano yo guhagarika intambara yari amaze imyaka ibiri, mu ntambara yabaye mu kwezi kw’indwi mu mwaka wa 2015.

Kuva ico gihe, ibikorwa vya gisirikare mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gihugu birabandanya ku bagwanyi ba PKK, mu kwihora, aho abantu amajana n’amajana bishwe.

Amatati ya PKK na reta muri Turkia biboneka ko ariko arakwiragira hose mu gihugu, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru wa BBC, Mark Lowen, kandi reta yaranse ibiganiro ivyo ari vyo vyose gushika igihe uwo mugwi wemeye gushira ibigwanisho hasi.

Imishamirano yo muri ino misi ishitse mu gihe igisirikare ca Turkia kirikanuye bivuye kw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryo mu kwezi kw’indwi.

Co kimwe na PKK, Turkia iriko iratana mu mitwe n’abagwanyi ba Islamic State, bamaze umwaka bahonya inganda.

Umugambwe PKK wafuswe mu gihugu ca Turkia, watanguye kugira ibitero mu 1984, bagiriza ubutegetsi bwa Turkia kubakumira no kubagirira nabi.