Umugabo yikoreye ikiziga c'umugore wiwe ibirometero 12

Umupfasoni wa Dana Mjhi yitavye imana azize ingwara y'igituntu ku musi wa kabiri mw'ijoro
Image caption Umupfasoni wa Dana Mjhi yitavye imana azize ingwara y'igituntu ku musi wa kabiri mw'ijoro

Umugabo umwe akenye wo mu gihugu c’Ubuhinde yarikoreye ikiziga c’umugore wiwe ku birometero birenga 12, inyuma y’aho ibitaro yapfiriyemwo bimwankiriye kumuha imodoka yo kumutwara iyo avuka.

Umupfasoni wa Dana Mjhi, Amang, w’imyaka 42 yitavye Imana azize ingwara y’igituntu mu bitaro vya Ulaya, mu gisagara ca Bhawanipatna, mu ntara ya Orissa.

Mahji yavuze ko aho aba hari ku birometero 60, kandi ko ata bushobozi yari afise bwo kuriha imodoka itwara abagwayi.

Ivyo bitaro vyahakanye ivyo bivugwa.

'Nta ko nari kugira'

'Uwo mupfasoni yagiye mu bitaro ku musi wa kabiri, aca yitaba imana iryo joro nyene.

Umugabo wiwe yaciye atwara ikiziga ciwe ata we abwiye mu bakozi bo mu bitaro,’ uko ni ko umukuru w’ivyo bitaro B Brahma yavuze.

Majhi, avuga ko umupfasoni wiwe yitavye imana ku musi wa kabiri mw’ijoro, aca afata ingingo yo kwikorera ikiziga ciwe ku musi wa gatatu inyuma y’aho abakozi b’ivyo bitaro bamusabiye gutwara ico kiziga.

‘Narasavye abakozi b’ivyo bitaro ngo bamfashe bampe imodoka ntware umupfasoni wanje, ariko baranse.

Kubera jewe ndi umukene ntari gushobora gukotesha imodoka ku giti canje, nta kundi nari kugira, atari guca nikorera ikiziga c’umupfasoni wanje.

Image caption Dana Mjhi yari aherekejwe n'umwana wiwe w'umukobwa w'imyaka 12

Ku musi wa gatatu mu gitondo, yavuze ko yazingiye ikiziga c’umupfasoni wiwe mu mpuzu, aca atangura urwo rugendo rurerure rwo kuja iyo avuka i Melghar kugira umushingure hakurikijwe imico n’imigenzo y’ico gihugu, ari kumwe n’umwana wiwe w’imyaka 12, Chaula.

Yatambutse ibirometero birenga 12, hanyuma abantu baramufasha bamuha imodoka itwara abagwaye, imushikana aho yari agiye.

Igokorwa co guturira ikiziga c’umupfasoni wiwe cabaye ku musi wa gatatu mw’ijoro.