CNDD FDD ngo yemera jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994

Gelase Ndabirabe (i bubamfu), ajejwe ibikorwa vya CNDD FDD; Gen Evariste Ndayishimiye (hagati) umukuru w'umugambwe CNDD FDD; Pierre Nkurunziza (i buryo) umukuru w'igihugu c'u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu CNDD FDD
Image caption CNDD FDD ngo yemera jenoside yabaye mu Rwanda

Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, Gen Evariste Ndayishimiye, yabwiye BBC mu kiganiro ko uwo mugambwe wemera jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Ibi ni nyuma y'aho umukuru w'urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rujejwe gukumira ivyaha vya jenoside, avugiye ko ibiheruka kuvugwa mw'ijambo CNDD FDD iheruka gushikiriza, birimwo ibisa no guhakana jenoside yo mu Rwanda.

Umviriza Gen Evariste Ndayishimiye

Gen Ndayishimiye, yatorewe kurongora CNDD FDD mu ndwi iheze, yabwiye BBC ko abavuga ivyo bafise izindi ntumbero.

Ngo u Burundi bwashize umukono ku masezerano yose ya ONU, harimwo n'ayiyamiriza ivyaha bihohotera ikiramwa muntu nka jenoside.