FARC yahagaritse intambara muri Colombia

Umuhari wa FARC wari umaze imyaka 50 ugwana na reta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhari wa FARC wari umaze imyaka 50 ugwana na reta

Inyuma y’imyaka ine hatanguye ibiganiro vy’amahoro, umugwi ukomeye w’abagwanyi mu gihugu ca Colombia, FARC, wamenyesheje ko uhagaritse intambara yabahuza na reta.

Umukuru w’uwo mugwi wa FARC, azwi kw’izina rya Timochenko, yategetse abagwanyi biwe bose guhagarika intambara kuva mw’ijoro ryakeye.

Yavuze ko iyo ntambara imaze igihe kinini igwanya reta irangiye.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gihugu ca Cuba, yavuze ko iryo tangazo ritazopfa ryibagiwe kubera ko rirangije amatati amaze igihe kirere, imyaka irenga 50, yatumye abantu barenga ibihumbi 260 bitaba imana, abandi umuliyoni bata izabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umukuru wa Farc Rodrigo Londono, azwi kw'izina rya Timoleon Jimenez canke Timochenko, yamenyesheje ko ihagarikwa ry'intambara ritanguye ari i Havane

Timochenko kandi azohamagaza inama ya nyuma y’umuhari wa FARC, aho uwuserukira abo bagwanyi mu biganiro azokwerekana urupapuro bashizeko umukono mu guhagarika intambara na reta.