Urucanco rwa kanseri iterwa na HPV rwayigabanije 50%

Australia imaze gutanga incaco za HPV miriyoni 170 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urucanco rwa kanseri iterwa na HPV

Urucanco rwa canseri y'inkondo y'urura, HPV rwatanguye gukoreshwa ubwa mbere muri Australia, haraheze imyaka 10.

Kuva urucanco HPV rutanguye gukoreshwa, rumaze gutangwa mu bihugu bigera ku 130, ubu bikaba bimaze kugaragara ko rwagabinije ubwandu bw'iyo ngwara ya kanseri ku bice 50%.

Urwo rucanco kandi rurakinga ubundi bwoko bwa kanseri zo mu mihogo no mu kanwa, haba ku bagabo canke abagore.

Umwe mu bahinga bakora ubushakashatsi kuri urwo rucanco, Ian Frazer, avuga ko rushobora gufasha kurandura burundu iyo ngwara ya kanseri mu myaka 40.

Muri Australia, urwo rucanco rumaze kugabanya ubwandu bwa kanseri ku bice 90%, mu myaka icumi iheze rutanguye gukoreshwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Professeur Ian Frazer, muri laboratoire ya Brisbane

Australia yatanze incanco zigera kuri miriyoni 170.

Kanseri y'inkondo y'urura niyo yonyene imaze kumenyekana ko itegwa n'umugera wandukira.

Mu bihugu bitaratera imbere cane mu butunzi, iyo kanseri itwara abantu bagera ku 250,000 ku mwaka.

HPV n'umugera ukunze kuboneka ku mubiri w'umuntu, canke mu bindi bice nko mu kanwa, mu bihimba vy'irondoka no mu kibuno.

Ushobora kwandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina, ariko ushobora guca no mu kanwa ku bakora imibonano muri ivyo bice.

Ku bantu bandura uwo mugera, abenshi bawukira batanabimenye, ariko abagera ku gice 1% c'abanduye, ushobora kubagumako.

Ariko iyo umuntu awumaranye imyaka itanu, ashobora kurwara kanseri.

Ubushakashatsi kino gihe buriko busuzuma urucanco rwoshobora gukingira ubwoko icenda bw'uwo mugera HPV, mu gihe urucanco ruhasanzwe rwakingira ubwoko bubiri.