Intara ya Jubaland yanse kwakira abahunguka

Umukuru w'intara ya Jubaland muri Somalia Ahmed Madobe
Image caption Umukuru w'intara ya Jubaland muri Somalia Ahmed Madobe

Abategetsi bo mu ntara ya Jubaland mu gihugu ca Somalia, yahagaritse kwakira impunzi zitahukanwa ziva mu gihugu ca Kenya.

Intara ya Jubaland ihana urubibe n’igihugu ca Kenya.

Igikorwa co gutahukana impunzi catanguye mu ntango z’umwaka wa 2014, ariko gitangura gushirwa mu ngiro cane muri uyu mwaka, inyuma y’aho reta ya Kenya imenyeshereje ko igiye kwugara ikambi ya Dadaab, ahaba impunzi zirenga 500.000.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu ntara ya Jubaland, Mohamed Warsame Darwish yabwiye BBC igisata c’abasomali, ko impunzi zishobora guhura n’ibibazo vyinshi mu gihe zotahuka, mu gihe zitazoba zaronse imfashanyo zemerewe.

Yagirije ishami rya Onu rijejwe impunzi HCR ko idakurikiza amategeko, ko izana impunzi, ribashikanye rigaca ryigira, abajejwe intwaro bagasigara mu bibazo bonyene.