Arsenal ishaka kugurisha Jack Wilshere kw'ideni

Umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Jack Wilshere Uwufise ububasha kw’isanamu REX FEATURES
Image caption Umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Jack Wilshere

Arsenal irteguye gutanga umukinyi wo hagati w’Ubwongereze, Jack Wilshere.

Uwo mukinyi w’imyaka 24, atashoboye kuza arakina kubera imvune y’ukuguru, yakiniye Arsenal incuro zitatu gusa mw’ihiganwa riheruka.

Yakiniye Ubwongereza incuro zitandatu mu mwaka uheze, harimwo inkino zitatu za Euro 2016, ariko ntiyahamagawe mu mugwi wa mbere w’umumenyereza Sam Allardyce muri iyi ndwi.

Arsenal yarishe imiliyoni 35 z’amapawundi mu kugira umukinyi wo muri Buswisse, Granit Xhaka muri uyu mwaka.