IS: Abu Muhammad al-Adnani yiciwe I Alep

Uwufise ububasha kw’isanamu DABIQ
Image caption Abu Muhammad al-Adnani, umuvugizi wa IS yiciwe muri Syria.

Umugwi w’abagwanyi ba Islamic State wamenyesheje ko umwe mu bategetsi bawo, yari n’umuvugizi w’uwo muhari, Abu Muhammad al-Adnani yiciwe muri Syria.

Izo nkuru zo ku rubuga ngurukanabumenyi rufitaniye izano n’uwo muhari, Amaq, zivuga ko Abu Muhammad yishwe ari mu bikorwa vya gisirikare mu ntara ya Alep

Iyo mbuga ngurukanabumenyi, nta bindi ivuga birenze aho.

Abasirikare ba Amerika bemeje ko barondeye kwica Abu Muhammad al-Adnani, ariko ko bari bagitohoza ku boba basize ubuzima mu gitero c’indege co ku musi wa kabiri mu gisagara ca Al-Bab, mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Alep.

Amerika yafata Abu Muhammad al-Adnani ko ari we yategura ibitero umuhari wa IS ugira mu bindi bihugu, kandi ko urupfu rwiwe , rushobora kuba nk’intambwe ikomeye yo gutsindwa k’uyo mugwi.