Igihuhusi Hermine giteye mu ntara ya Florida

igihuhusi Hermine Uwufise ububasha kw’isanamu NOAA
Image caption igihuhusi Hermine

Igihuhusi Hermine cashitse mu karere ko mu buraruko bw’intara ya Florida muri Amerika, kikaba kibaye ica mbere gishitseyo kuva mu 2005.

Ico gihuhusi cashitse mu kigobe ca Florida kare cane ku wa gatanu, gutuma hagwa imvura n’inshi n’umuyaga.

Umukuru w’iyo ntara yatangaje ibihe bidasanzwe mu turere 51 tugize iyo ntara, mu gihe abahaba bariko baritefgurira ico gihuhusi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuyaga wahenuye ibiti i Carabelle

Umuyaga wazananye n’ico gihuhusi wari ufise ubunyarutsi bw’ibirometero 130 kw’isaha (130km/h) ku musi wa kane, nk’uko bimenyeshwa n’ikigo ca Amerika gikurikirana ibihuhusi.

Abategetsi bo ku mugwa mukuru w’iyo ntara Tallahassee, vyitezwe ko ushikirwa n’ico gihuhusi, bavuga ko inzu zababa 70.000 ubu zitagira umuyagankuba.

Igihuhusu ca nyuma caheruka muri Florida ni Wilma mu kwezi kw’icumi mu 2005, kikaba cashitse mu mwaka umwe n’igihuhusi ca Katrina.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igisagara ca Tarpon Springs citeguriye ko ico gihuhusi kibashikira

Igihuhusi cahitanye abantu batanu, conona n’ibintu bifise agaciro k’amadolali imiriyaridi 23.

“Kirageramiye ubuzima bw’abantu. Nta gihuhusi twari duherutse haciye igihe kinini,” uko ni ko umukuru w’iyo ntara yavuze.

Yongeyeko ko abakozi 8.000 bajejwe umutekano no gutabara biteguye gufasha.