Pakistan: Umwiyahuzi yishe abantu benshi i Mardan

Umwiyahuzi yashaka gushika mu kibanza hari hakoraniyemwo abashingwamanza benshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwiyahuzi yashaka gushika mu kibanza hari hakoraniyemwo abashingwamanza benshi

Umwiyahuzi yitwaje bombe yateye muri sentare yo mu buraruko bwa Pakistani I Mardan,ahitana abantu 11, anakomeretsa abantu 30, nk’uko abategetsi babivuga.

Uwo mwiyahuzi yateye grenade ntezwantoke imbere y’uko yirukira muri sentare, aca aturitsa bombe, nk’uko igipolisi cabibwiye BBC.

Kuri uru uyu wa gatanu kandi, abiyahuzi ba bombe bane bateye akarere kabamwo abakristu mu karere ka Peshawar, imbere y’uko bicwa barashwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bashika 30 ni bo bakomerekeye mu gitero co muri sentare i Mardan

Ivyo bitero vyose vyabereye mu ntara ya Kyber Pakhtunkhwa, kandi vyiyitiriwe n’umugwi w’aba Taliban wa Jamaat-ul-Ahrar.

Abo bagwanyi barateye abashingwamanza mu misi yahera, harimwo igitero ca bombe I Quetta cahitanye abashingwamanza 18 mu kwezi guheze.

Ico gitero kandi ciyitiriwe na Jamaat-ul-Ahrar.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare bugaye amabarabara inyuma y'igitero mu karere kabamwo abakristu

Ijaz Khan, icegera c’umukuru w’igipolisi mu karere ka Mardan, yabwiye abamenyeshamakuru ko abashingwamanza batatu n’abapolisi babiri bari mubitavye Imana muri iyo nyubakwa ya sentare.

Uwo mwiyahuzi yitwaje bombe yagerageje gushika aho abacamanza bicara, aho benshi bari bakoraniye, ariko abapolisi baciye bamurasa imbere y’uko ahashika, nk’uko Khan abivuga.