Samsung yasubije inyuma Galaxy Note 7

Galaxy Note 7 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Samsung yasubije inyuma Galaxy Note 7 ivuga ko ibateri ari ryo rituma ayo matelefone asha.

Iyo ngingo ikurikiye inkuru zo muri Amerika no muri Korea y’epfo ko izo telephone “ziturika” mu gihe canke inyuma yo kuyishiramwo umuriro.

Iryo shirahamwe ryo muri Korea y’epfo rivuga ko abaguzi babo bari bamaze gutwara izo telephone bazoshobora kuziguza n’izindi nshasha.

Iryo subizwa inyuma ry’iyo telephone ribaye mu gihe hasigaye indwi imwe gusa ngo herekanwe telefone nshasha y’umukeba wayo Apple, telefone ya IPhone mu gihe bitari vyitezwe.

“Twararonse inkuru nyinshi zerekeye bateri zaturitse za Note 7 kandi vyaragaragaye ko ari agace ka bateri gafise ikibazo,” uko ni ko prezida wa Samsung, Koh Dong-jin yabwiye abamenyeshamakuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu ARIEL GONZALEZ
Image caption Bivugwa ko Galaxy Note 7 isha akanya gato inyuma yo kuyishira ku muriro

Iryo shirahamwe ryavuze ko bishobora gufata indwi zitatu mu guhindura ako gace.

Nk’uko Samsung ibivuga, iyo telefone yari imaze kugurishwa mu bihugu 10, ariko hakaba hari amacompanyi menshi atandukanye yadandaza amabateri yayo.