Jackie Chan agiye guhabwa agashimwe k'iteka ka Oscar

N'aho Jackie Chan yabaye rurangiranwa nta gashimwe ka Oscar yigeze aronka Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption N'aho Jackie Chan yabaye rurangiranwa nta gashimwe ka Oscar yigeze aronka

Umukinyi rurangiranwa wa film Jackie Chan azohabwa agashimwe ka Oscar ku bikorwa yaranguye mu gukina film.

Umugwi ujejwe gutanga agahembo ka Oscar kandi wemeje kandi guha agashimwe Anne Coates, Lynn Stalmaster na Frederick Wiseman.

Umukuru w’uwo mugwi Cheryl Boone Isaacs yavuze ko abo bantu bane bakoze akazi gakomeye mu gutunganya ama film.

Chan w’imyaka 62 yabaye umukinyi rurangiranwa muri film nyinshi za Kung-fu zateguriwe mu gihugu ciwe c’amavukiro, Hong Kong.

Yaramenyekanye cane mu makungu mu ma film ya Rumbe in the Bronx, Rush Hour na Kung Fu Panda.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Chan yarakinanye na Chris Tucker muri the Rush Hour film trilogy