Perezida Islam Karimov yashinguwe

Imodoka zireruye ikiziga ca peerzida Karimov Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imodoka zigiye gushingura Karimov zerekeje ku kibuga c'indege ca Tashkent

Perezida Islam Karimov yitavye Imana kuri uyu wa gatanu yari amaze imyaka 27 ayobora Uzbekistan.

Abantu isinzi bari bagiye ku mabarabara ahaca imodoka ireruye isandugu yarimwo ikiziga ciwe, bayitereyeko amashurwe aho yarengana ija ku kibuga c'indege.

Bwana Karimov ashingurwa mu gisagara aturukamwo ca Samarkand, aho yakuriye mw'irerero ry'impfuvyi.

Umushikiranganji wa mbere wa Uzbekistan, Shavkat Mirziyoyev, niwe yagenywe kuyobora ikigandaro, aho bitanguye kunuganurwa ko ariwe azohava amusubirira.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko ubutegetsi bwa Karimov buri mu bwanyuma bubi bwaranzwe mu bihugu vya Aziya yo hagati.