Ubushinwa na US vyemeje amasezerano ya COP21

Ubushinwa na Amerika bisohora 40% y'imyuka yonona igisenge c'isi. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida Obama ariko yumviriza mu nama na perezida Xi Jinping (ntaboneka mw'ifoto)

Ivyo bisobanura ko ibihugu bisanzwe birungika 40% y'imyuka yonona igisenge c' isi, ubu vyemeye amasezerano yo kuyigabanya, akazotagura gushirwa mu ngiro, ibihugu biyemeje bishikana 55% y'iyo myuka.

Amasezerano ya Paris niyo asa n'ayumvikanyweko mu buryo bwuzuye kandi abemeje bazoba bemeye kuyakurikiza nk'itegeko, mu nrumbero yo kugabanya imyuka yonona igisenge c'isi ituma ubushuhe bwiyongera.Perezida Obama, yavuze ko amasezerano ya COP21 ategerezwa kwibukwa nk' igihe biyemeje kugarukira isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kwemera amasezerano ya COP21 bishobora gusaba Ubushinwa guheba gukoresha ibizuku

Gushira igikumu kuri ayo masezerano, ibi bihugu vyompi bibikoze imbere y'inama hagati y'ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi -G20, buca itangura ejo kuw'Imana mu buseruko bw'ico gihugu mu muji wa Hangzhou.