Donald Trump aragendera abirabure ba Detroit

Bigaragara ko Trump ata benshi bamuri inyuma muri ba nyamuke Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imvugo ya Donald Trump ku bimukira yoba igiye guhinduka?

Donald Trump agendera urusengero n' imicungararo yarwo yo mu muji wa Detroit usanzwe urwiriyemwo abirabure, kandi uri mu yirangwamwo abakene banyuma muri Amerika.

Azoba ari kumwe na Ben Carson, nawe yari yashatse kwitoza, akaba asanzwe yakuriye muri uwo muji wa Detroit.

Ibiharuro vyerekana ko Trump, ari inyuma ya Hillary Clinton mw'igendereza ry'amajwi bashobora kubona, adashigikiwe cane n'abirabure hamwe n'abaturuka muri Amerika yo hepfo.

Donald Trump ateganya kuja mu misa yongere agirane ikiganiro n'umwungere w'iyo sengero, Musenyeri Wayne T Jackson.

Trump aza kwishura ku bibazo babanje kwemeranyako, yateguriwe inyishu kuri ivyo bibazo n'abamufasha mw'isekeza ryo kwiyamamaza, ndetse n'umurwi w'igihugu w'umugambwe w'aba Republikani, nk'uko vyemezwa n' ikinyamakuru 'New York Times'.

Ico kinyamakuru catangaje ikopi y'ibibazo 12 n'inyishu zavyo, birimwo ibijanye n'ubwicanyi bwakozwe n'abapolisi, icuka hagati y'amoko, n'ivyo Trump avugwako bijanye n' uko afise urwanko rw'amacakubiri afatiye ku moko.

Bwana Trump ntiyari yateganije kuvugisha abakirisu bo muri iryo sengero rya Detroit, ariko 'Times' kiravuga ko umuvugizi w'isekeza ryiwe ryo kwiyamamaza, yemeje ko ikirangaminsi cahindutse, akaba ateganya gushikiriza ijambo ry'iminota 10 yateguriwe.

Ejo Trump yari yahuye n' abihebeye Imana b'abirabure muri Philadelphia , mu minsi iheze naho yagiye muri New York, aho yahuye n'abirabure hamwe n'abaturuka muri Amerika yo hepfo.

Ariko rero amajambo amaze amezi ashikiriza yerekana ko azira abimukira, ndetse n'ibibazo bihasanzwe vy'imibano, ntaco vyamufashije mu kwigarurira abanya Amerika bo muri ba nyamuke.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump ariko agergeza kwigarura abirabure n'abo muri Amerika yo hepfo

Umukuru w'igisagara ca Detroit Mike Duggan, na Brenda Lawrence aserukira aba Demokarate, bo bari abazindukira muri Detroit babwira abanyagihugu impamvu bakwiye kwima amatwi Donald Trump.

Hari n'imyiyerekano iteganijwe imbere y'urusengero agendera.

Mu ntango z'iyi ndwi, bwana Trump yabonanye na perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto.

Akiri muri urwo rugendo yashimagije abanya Mexique n'ubwo yari yigeze kubavuga nabi ngo ni abanyavyaha burimwo gufata abagore ku nguvu.

Ariko uwo munsi nyene, mw'ijambo yashikirije muri Arizona, bwana Trump yongeye kwerekana aho ahagaze ku kibazo c'abimukira, yongera kuvuga ashimitse ko Mexique ariyo izokwishura amafaranga yo kubaka uruhome hagati y'ivyo bihugu.