Woba uzi aho inkino za 'Paralympic' zahreye?
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Hasigaye iminsi 3 ngo inkino za paralympic zitangure

Mu minsi itarenze itatu, amahiganwa y'abagendana ubumuga mu nkino za Olympic, bita Paralumpic agiye gutangura muri Brezil.

Umwongerezakazi ari mu ba mbere babonye umudari wa zahabu mu mahiganwa nk'ayo, Margaret Maughan yibuka igihe inkino nk'izo zatanguzwa.

Margaret Maughan yari umwe mu bantu bariko bagororerwa mu bitaro vya Stoke Mandeville, inyuma y'intambara ya kabiri y'isi ubuvuzi bwakoresha inkino ngororangingo ku barwayi.

Yahiganywe mu kurasa n'umwampi, nk'umwe mu bakinyi b'Ubwongereza bahiganywe mu nkino za Stoke Mandeville zabera rimwe n'inkino za Olympic i Roma mu 1960.

Yabwiye BBC uko vyamugendeye muri izo nkino n'uko yahavuye amenya ko yaronse umudari.