Kiir yemeye abandi basirikare ba Onu

Prezida kiir yemeye abandi basirikare ba Onu 4.000 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida kiir yemeye abandi basirikare ba Onu 4.000

Prezida w’igihugu ca Sudani y’epfo yatinze aremera abandi basirikare ba Onu baza kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Prezida Salva Kiir yafashe iyo ngingo inyuma y’inama bagiranye n’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi.

Mu ntango, Kiir yari yanse abo basirikare bashika ku 4.000 bava mu bihugu vyo mu karere, avuga ko ari ukurenga ku bwigenge bw’ico gihugu ca Sudani y’epfo.

Onu yafashe ingingo yo kwongereza abasirikare bayo bari muri ico gihugu, inyuma y’aho hasubiriye kwaduka intambara hagati y’abasirikare ba prezida Kiir n’abashigikiye icegera ciwe Riek Machar mu kwezi kw’indwi ku mugwa mukuru I Juba.

Abo basirikare biyongera kubari basanzwe muri Sudani y’epfo, bazoba bafise ububasha gusumba abari bahasanzwe bashika 13.000.