Urwaruka mu nama nshingamateka ya Hong Kong

Nathan Law yari imbere mu myiyerekano y'abanyeshure mu of 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Nathan Law yari imbere mu myiyerekano y'abanyeshure mu of 2014

Urwaruka rwo mu mashirahamwe aharanira demokrasi rwatsindiye intebe mu nama nshingamateka ya Hong Kong (LegCo).

Urwo rwaruka rwipfuza ubwigenge n’impinduka k’ukungene Hong Kong kirongowe n’Ubushinwa.

Abagiye mu matora bashika ku bice 58% incuro ya mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Mu 2014, ibihumbi n'ibihumbi vy'abipfuza demokrasi barehereje amabarabara mu 2014

Mubatowe harimwo Nathan Law w’imyaka 23, yafashije mu myiyerekano yitiriwe umutaka “Umbrella Protests” mu mwaka wa 2014, yabaye basaba ukwikukira.

N’aho baronse iyo ntsinzi, abashigikiye Ubushinwa bazobandanya bafise intebe nyinshi muri iyo nama nshingamateka irimwo abantu 70.

Law yereanye akababaro gatewe n’ivyo vyavuye mu matora, avuga ko vyagaragaye ko abantu bipfuza ko ibintu bihinduka.

Nta co gushika ubu reta y’Ubushinwa irabivugako.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igitigiri kinini c'abitavye amatora catumye hateba gushikirizwa ivyayavuyemwo

Uguteba kumenyesha ivyavuye mu matora vyateye amakenga.

Ivyavuye mu matora vyose biramenyekana ku musi wa mbere.