Benshi bazize umuriro mw'ibohero ryo muri Ethiopia

Bivugwa ko abaharanira agateka ka zina muntu n'abanye politike b'aba Oromo bari bapfungiwe muri iryo bohero Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Bivugwa ko abaharanira agateka ka zina muntu n'abanye politike b'aba Oromo bari bapfungiwe muri iryo bohero

Igitigiri kitaramenyekana c’abanyororo babuze ubuzima inyuma y’aho umuriro wadukiye mw’ibohero ryo muri Ethiopia, ripfungiwemwo abatavuga rumwe na reta bafashwe bari mu myiyerekano.

Washobiora kwumva amasase ava mw’ibohero rya Qilinto, mu micungararo c’umugwa mukuru Addis Abebas, inyuma y’aho umuriro wadukiye, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru ca reta.

Reta yeme ko “hariho abapfuye”, mu gihe ibinyamakuru vyo ngaho bivuga ko aboba bashika 20 ari bo bahasize ubuzima.

Hagiye harikurikiranya imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta mu gihugu ca Ethiopia muri aya mezi make aheze.

Amafoto yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi ku musi wa gatandatu, werekana ibintu bisa n’umwotsi uriko uraduga uva muri iryo bohero.

Inkuru zivuga ko uwo muriro wakijwe kubushake n’abashaka gutoroka ibohero, nta bantu ata ho begamiye baravyeneza.

Harabaye imyiyerekano itari mike mu karere ka Oromia yagizwe n’abanti bagize igice kinini c’ubwoko bwo muri ico gihugu kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2015.

Aba Oromo benshi baharanira agateka kabo bari bapfungiwe mw’ibohero rya Qilinto, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru gishigikiye abatavuga rumwe na reta.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryo muri Amerika, Human Right Watch, rivuga ko abantu barenga 400 biciwe mu mishamirano y’abajejwe umutekano I Oromia, n’aho reta iguma ihakana ico gitigiri.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemarim Desalegn yagirije abo yise ko ari “umugwi w’abagwanya amahoro” ko ari bo bateye akajagari.