Vital'o yatahukanye igikombe ca Super Coupe

Umukuru wa FFB, Hon Reverien Ndikuriyo ariko arashikiriza igikombe umugwi wa Vital'o Uwufise ububasha kw’isanamu VITAL'O
Image caption Umukuru wa FFB, Hon Reverien Ndikuriyo ariko arashikiriza igikombe umugwi wa Vital'o

Umugwi wa Vital’o watsindiye igikombe ca Super Coupe gihuza umurwi wabaye uwa mbere mw’ihiganwa rikuru, n’uwatsindiye igikombe c’umukuru w’igihugu ariwo Messager Ngozi.

Mu rukino rwose iyo mirwi yari yanganije 1-1, baca batera za penalty.

Umugwi wa Vital’o waciye winjiza penalty 4-3 za Messager Ngozi.

Uwufise ububasha kw’isanamu VITAL'O
Image caption Abakinyi ba Vital'o mu kanyamuneza ko kwigiza intsinzi

Icegera c’umumenyereza wa Vital’o, Emery Nimunona avuga ko yaronse intsinzi kubera “ twabarushije ukwiyemera na confiance”.

Na yo Rukundo Jean De Dieu, amenyereza Messager Ngozi ati:” twatsinzwe ariko nta muhinga wa Penalty.”

Hagat`aho Intamba zanganije na Mena ya Niger 0-0 hariya I Niamey, mu nkino za CAN 2017, ariko Uburundi bukaba bwasezeye iryo higanwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu VITAL'O
Image caption Abantu benshi bari baje gukurimirana urukino rwahuje Vital'o na Messager Ngozi