Obama yahagaritse umubonano na prezida Duterte

Urugendo rwa mbere rwa Duterte rwateye impari Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urugendo rwa mbere rwa Duterte rwateye impari

Prezida Barack Obama yahagaritse umubonano yari afitaniye na prezida wa Philippine, Rodrigo Duterte, ahejeje kumutuka ko ari “Umwana w’umusambanyi”.

Duterte yariko arishura prezida wa Amerika yari yavuze ko mu mubonano baza kugirana aza kugarukana ikibazo c’ubwicanyi ndengerabutungane bwagiriwe abagirijwe kudandaza ibiyayuramutwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Obama yahagaritse umubonano na Duterte

Uwo mukuru w’igihugu ca Philippine, azwi cane ku mvugo akoresha adudurirako, ubu ikaba igize ingaruka mbi mu migenderanire n’amakungu, nk’uko bivugwa n’abamenyeshamakuru.

Yashikirije ko yicuza kuvyo yashikirije.

“Mu gihe ikibiteye ari ivyo nashikirije ku bibazo bimwe bimwe vy’abanyamakuru biteye amakenga n’amadidane, turababajwe n’ingene vyafashwe nko kwifatira mu gahanga prezida wa Amerika jewe ubwanje, “nk’uko biri mw’itangazo ryo mu biro vya prazida.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imvugo ikarishe yo gutuza ubwicanyi yatumye prezida Duterte aronka intsinzi mu matora yo mu kwezi kwa gatanu

Abo bakuru b’ibihugu bose bari mu bitavye inama y’ishirahamwe ry’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Asia(ASEAN), I Laos.