Ubushinwa bwagabishije ku "bwigenge" bwa Hong Kong

Hari urwaruka n'abashigikiye demokrasi batorewe kuba abashingamateka muri Hong Kong Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari urwaruka n'abashigikiye demokrasi batorewe kuba abashingamateka muri Hong Kong

Ubushinwa bwavuze ko bushigikiye ingingo zose zijanye n’amategeko ku muntu wese aharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong.

Iryo gabishwa rije inyuma y’aho abashigikiye ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong baronkeye ikibanza mu nama nshingamateka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe ikibazo ca Hong Kong na Macao yavuze ko Ubushinwa buterekwa uguharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong, imbere n’inyuma y’igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Benshi mu batowe barakubaguwe mu myiyerekano yiswe "Umbrella protests"

Abanyagihugu benshi ba Hong Kong barabazwa n’ico bise imigambi z’Ubushinwa yo guhonyanga uburenganzira n’ukwishira n’ukwizana vyabo.