Trump avuga ko Putin ari umutware mwiza gusumba Obama

Donald Trump yashimagije prezida Vladimir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump yashimagije prezida Vladimir Putin

Donald Trump yashimagije prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, igihe be n’uwo bahanganye mu matora Hillary Clinton bakira ibibazo vy’abasirikare bakukurutse.

Uwo yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihu ku ruhande rw’aba republicains, yasvuze ko uwo mukuru w’igihugu c’Uburusiya “yabaye prezida w’intwari kurusha prezida wacu ‘Obama’.”

Yashikirije ivyo mu gihe umukuru w’igisata kijejwe igendereza muri Amerika yagirije Uburusiya ko buriko burakwiragiza imbuto z’urwanko no kurabana ribi kw’isi.

Ku ruhande rwiwe, umupfasoni Clinton yisiguye ko ashobora gufata ingingo zikomeye, mu gihe abandanya kunebagurwa bivuye ku kungene yakoresheje ubutumwa bwa mail.

Umupfasoni yagirizwa kurungika ubutumwa bw’akazi akoresheje mail yiwe, ivyo benshi bavuga ko vyoba vyarabangamiye umutekano w’igihugu.

Abo bakandida babiri, umwe wese yahawe igice c’isaha mu nama yabereye I New York yo kwishura ku bibazo bitandukanye, mw’ijoro ryo ku wa kabiri.

Trump yabajijwe n’umumenyeshamakuru wa NBC, Matt Lauer, ku mvugo yiwe aho yateye amashurwe prezida Putin.

Yishuye:”Nshobora kumuha 82%(ndavye uko atwara).”

“Nibaza ko iyo anshimagiza, nemera uko anshimagiza,” uko ni ko uwo mugwizatunga yongeyeko, avuga ko prezida Putin atwaye neza igihugu ciwe.

Trump yavuze kandi ko mu gihe yotorwa mu kwezi kwa cumi na rimwe, ”Nibaza ko tuzumvikana na we”.

Si ubwa mbere Trump ashimagiza prezida w’Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umupfasoni Hillary Clinton

Mu kwezi kwa cumi na kabiri yavuze ko ”Ari icubahiro gikomeye” aho Putin yavuga ko ari ”umuntu abona kure”.

Mu misi iheze, Trump yaranebaguwe igihe yasaba Uburusiya ngo bubandanye kurondera izindi mail z’uwo bahanganye umupfasoni Clinton, bivuga ko zazimiye.

Mu nyuma yavuze ko yariko arafyina.