Onu yafashije abagwanyi bo muri Sudani y'epfo

Riek Machar ntaraboneka ku mugaragaro kuva ahunze umugwa mukuru wa Sudani y'epfo, Juba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Riek Machar ntaraboneka ku mugaragaro kuva ahunze umugwa mukuru wa Sudani y'epfo, Juba

Abasirikare ba Onu bagiye kugarukana amahoro muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bavuga ko bafashije abagwanyi barenga ijana bashigikiye Riek Machar, mu kubajana kwivuza muri ico gihugu.

Umuvugizi wa Onu, Stephane Dujarric yavuze ko abo bagwanyi, bashigikiye Riek Machar, bari bamerewe nabi cane igihe bashika muri RDC.

Machar ubwiwe yaravuwe n’abasirikare ba Onu inyuma y’aho akomerekeye mu kwezi guheze, mu ntambara zabereye muri Sudani y’epfo.

Mu nyuma yaciye aja muri Sudani.

Yaravuwe, amaze gutora mitende aca ava mu biotaro mu mpera z’ukwezi k’umunani, n’aho n’ubu akibarizwa muri ico gihugu.