Umutama afise imyaka 145 mu gihugu ca Indonesia

Mbah Ghoto
Image caption Mbah Ghoto

Uyu mutama yitwa Mbah Ghoto wo mu gihugu ca Indonesia, yemeza ko ari we mutama wa mbere afise imyaka Atari bwigere abaho kw’isi.

Avuga ko amaze imyaka myinshi gusumba abagore biwe bane, benewabo 10 n’abana biwe bose.

Ava mw’izinga rya Java yo hagati.

“Ngerageza kwihangana no kwizera ko hariho abantu banyitaho,” ni ko yabwiye BBC.

“Nabayeho umwanya muremure kubwera mfise abantu bankunda kandi banyitayeho.”

Uyu mutama aracatumura agatabi.

Umwuzukuru wiwe, Suryanto avuga ko, uravye impapuro za reta, Mbah Gotho afise imyaka 145.

Yavutse itariki 31 ukwezi kwa cumi na kaabiri 1870.

”Turemeza ko ko iyo myaka ari yo, wihweje izi mpapuro za reta. Turemeza ko itariki yiwe y’amavuka ari yo,” nk’uko bivugwa n’umukozi wa reta Wahyu Wiyanto.

Indonesia yatanguye kwandika itariki y’amavuka y’abantu mu 1900, ivyo bigatuma bigorana kwemeza neza itariki y’amavuka y’abantu bavutse imbere y’ico gihe.

Kandi harigeze kubonekamwo amakosa.

Ariko Mbah Gotho afatwa rurangiranwa mu karere atutukamwo.

”Umusi bibuka ukwikukira, ahora atumwako gusigurira abantu ingene intambara yagenze. Arashobora gusigura ingene intambara yo kugwanya abakoloni b’abahonde n’abayapani yagenze,” nk’uko bivugwa na Wahyu Wiyanto.

Umwuzukuru wiwe avuga ko uwo mutama atagorana cane kandi adakenera imfungurwa ziwe zihariye.

“Ikintu gusa yadusavye kumukorera, ni kugura aho azoshingurwa,” ni avuga.

Uwo mutama ubu avuga ko inguvu ziriko ziramuherana, ko atizeye ko asigaje iyindi myaka myinshi.

“Nta nguvu nyinshi ngifise nka kera. No gutambuka ni inorane. Nari umurimyi kandi naranaroba. Nsinshaka kubandanya kubaho, ari na co gituma nateguye imva. “kugira ninapfa, ibintu vyose bizobe biteguye,” ni ko uwo mutama avuga.

“Ubu ndashaka gusa ko nitaba Imana, ariko igihe canje ntikirashika.”

Umuntu yari amaze kubaho imyaka myinshi kw’isi nk’uko bivugwa na Guinness, ni Jeanne Calment wo mu gihugu c’Ubufaransa, yamaze imyaka 122 n’imisi 164.

Yitavye Imana mu kwezi kw’umunani mu mwaka 1997.