Korea ya ruguru yagerageje ibirwanisho vya nucleaire

Igisirikare ca Korea y'epfo kivuga ko iryo geragezwa ata ho ryari bwaboneke Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igisirikare ca Korea y'epfo kivuga ko iryo geragezwa ata ho ryari bwaboneke

Korea ya ruguru ivuga ko igikorwa co kugerageza ubugira gatanu ibirwasho vy’ubumara cagenze neza.

Iryo tangazo mu kinyamakuru ca reta rivuzwe inyuma y’amasaha make humvikanye inyiganyiga ry’isi hagufi y’akarere hakunze kuberamwo iryo geragezwa.

Korea y’epfo yemeza ko ari igeragezwa ritari bwigere riba, hakaba hari ubwoba ko ico gihugu kimaze gutera intambwe ikomeye mu gukora ibirwansho vya nucleaire.

Prezida wa Korea y’epfo, Park Geun-Hye yavuze ko iryo geragezwa ari “igeragezwa ryo kwigeramira”, ryerekana “ukutizerwa” kw’umukuru w’igihugu ca Korea ya ruguru, Kim Jong-un.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’ubushinwa n’amakungu bwiyamirije iryo geragezwa, butera akamo Korea ya ruguru kudahirahira ngo basubire ibikorwa nk’ivyo kuko vyotuma ibintu biba bibi gusumba.

Abategetsi ba Korea y’epfo bavuga ko ivyuma vyabo vyabonye isi inyiganyiga ku rugero rwa 5.3 rwa Richter hagufi y’akarere Korea ya ruguru ikoresha mu kugerageza ibigwanisho vy’ubumara.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umunyamakuru wa Korea ya ruguru ariko aramenyesha iyo nkuru

Gushika ubu Korea ya ruguru nta co iravuga kuri iryo geragezwa, ariko abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko gishobora kuba ari ikimenyetso c’intambwe ico gihugu kimaze gutera mu buhinga bwa nucleaire.

Ukunyiganyiga kw’isi gutumwe n’abantu muri ako karere, kwatumwa n’igeragezwa ry’ibigwanisho vy’ubumara.

Umupfasoni Park, yaciye ahagarika urugendo yarimwo mu mahanga, yavuze ko, inyuma yo kugerageza incuri ya gatanu, ivyo bigwanisho vy’ubumara “reta ya Kim Jong-un yikwegeye ibindi bihano no guharigwa ivomo n’amakungu.”

“Ugucokoza nk’uko kuriko kurongereza inzira yo kubangamira ibindi bihugu.”

Biciye mu butumwa bwatanzwe ku kinyamakuru ca reta ya Korea y’epfo, Yonhap, umukuru wa gisirikare w’ico gihugu yavuze:”Twibaza ko Korea ya ruguru yagize igerageza rikomeye gusumba ayandi yose.”

Abakozi b’abahinga m’uvyo ubutaka muri Amerika, bakurikirana cane ibibera ku butaka, bari bavuze ko humvikanye inyiganyiga ry’isi hagufi y’akarere Korea ya ruguru igiriramwo igerageza ry’ibirwanisho vy’ubumara, I Punggye-ri.

Uwufise ububasha kw’isanamu GEOEYE

Ku musi wa gatanu, ni umusi ico gihugu cibuka aho catangura kubaho.

Ubuyapani buza bwamaze kwiyamiriza ico gikorwa, umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, ko bariko baravugana n’abo bacuditse.

Na Amerika yavuze ko iriko irakurikiranira hagufi izo nkuru.