Ping yituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Jean Ping yituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro
Image caption Jean Ping yituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Umukuru w’umugambwe utavuga na reta muri Gabon, Jean Ping, yitwaye muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, mu kwanka ivyavuye mu matora, aho avuga ko yibwe.

Prezida yari ku butegetsi Ali Bongo ni we yatangajwe ko yatsinze amatora.

Ping ntiyemera ivyavuye mu matora cane cane aho Ali Bongo avuka yaronse ibice birenga 95 kw’ijana mu gihe abatavye amatora bashika 99.93 kw’ijana.

Abarorerezi b’amatora b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya nabo baranebaguye uko ayo matora yagenze mu bibanza bimwe bimwe.

Ping yavuze akabantu benshi biciwe mu midurumbanyo yadutse inyuma y’amatora, ariko reta yemeza ko abantu batatu gusa ari bo bahasize ubuzima.