Facebook yasubije ku rubuga ifoto yateye impari

Espen Egil Hansen Uwufise ububasha kw’isanamu AFTENPOSTEN/NICK UT
Image caption Espen Egil Hansen ayoboye ikinyamakuru Aftenposten, muri Norvege

Facebook yisubiyeko ku ngingo yo gukura kuri urwo rubuga ifoto imwe yo mu zafashwe mu gihe c'intambara yo muri Vietnam, yari yabaye rurangiranwa.

Facebook ivuga ko yafashe ingingo yo gusubiza iyo foto ku rubuga, kubera agaciro ko kwemera ko ifoto nk'iyo isabikanywa, karengeye ako gushaka gukingira abakoresha Facebook.

Ikinyamakuru co muri Norvege, Aftenposten, nico cagiye imbere y'ibindi mu kunegura Facebook igihe yafata ingingo yo gupfunga urubuga rw'umwanditsi w'ico kinyamakuru kubera yahanahanye iyo foto.

Umushikiranganji wa mbere wa Norvege, Erna Solberg, yari yashiz eiyo foto ku rubuga rwiwe mukwiyamiriza iyo ngingo, yashimye ingingo ya Facebook yo kwisubirako.