Umupfasoni Hillary Clinton afise uburwayi bw'umusonga

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hillary Clinton avuga ko ameze neza nyuma yo gufatwa n'umusonga

Uwuzohiganirwa kuba umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kw'izina ry'umugambwe w'abademokrate, Hillary Clinton, yafashwe n'uburwayi bw'umusonga.

Mu rwandiko rwasohowe nyuma y'aho umupfasoni Clinton aremvye ari mu birori, umuganga wiwe yavuze ko uburwayi bwiwe bwamenyekanye kuwa gatanu, aca ahanurwa kuruhuka.

Yaciye asivya urugendo rwo kwiyamamaza yagomba kugira i California.

Umupfasoni Clinton yavuze mu birori i New York ejo bidaheze, bikaba vyari ivyo kwibuka igitero co kw'itariki cumi n'imwe z'ukwa cenda 2001.

Video yashizwe kuri nternet yamwerekanye bariko baramufasha kwurira umuduga, udutege mu mavi twamuheranye.

Umupfasoni Clinton mu nyuma yasubiye kuja ahabona, abwira abanyamakuru ko ameze neza.