Derme, yahoze akinira Burkina Faso yapfiriye mu kibuga

Derme yakiniye Burkina Faso inshuro zine Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Derme yakiniye Burkina Faso inshuro zine

Ben Idrissa Derme, yahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru wa Burkina Faso, yapfuye ariko arakina mu Bufaransa.

Uwo mugabo w'imyaka 34 yafashwe n'umutima mu gice ca kabiri mu rukino rw'ihiganwa ry'igikombe mu ciciro ca gatandatu mu Bufaransa.

Abaganga baragarageje kumutabara ku kibuga ariko ntibashoboye kumugarura.

Derme yakiniye Burkina Faso inshuro zine, akina mu ciciro co hasi mu Bufaransa hamwe n'i Moldova, yarakinye kandi muri Burkina Faso nyene.