Korea ya ruguru: Igeragezwa rya 'Nucleaire' rigira 6?

Igeragezwa ryo ku wa gatanu ni ryo rya mbere rikomeye ryakozwe na Korea ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu GOOGLE
Image caption Igeragezwa ryo ku wa gatanu ni ryo rya mbere rikomeye ryakozwe na Korea ya ruguru

Abategetsi ba Korea y’epfo bavuze ko Korea ya ruguru ishobora kuba yiteguye kugerageza ibindi bigwanisho vya nucleaire umwanya uwo ari wo wose.

Koerea ya ruguru yagerageje ubwa gatanu ibigwanisho vya nucleaire ku musi wa gatanu, vyibazwa ko ari ryo geragezwa rikomeye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi avuga ko hasigaye icobo kimwe I Punggye kitarakoreshwa, gishobora kuba giteguriwe igeragezwa rigira gatandatu umwanya uwo ari wo wose.

Iryo geragezwa ryo ku musi wa gatantu ryiyamirijwe n’amakungu, ryavyuye ubwoba no guterana amajambo na Korea y’epfo.

Uwufise ububasha kw’isanamu GEOEYE
Image caption Igeragezwa rya gatanu ryabereye mu karere ka Punggye-ri

Ku musi w’Imana, Ummwe mu basirikare ba Korea y’epfo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Yonhap, ko umugwa mukuru wa korea ya ruguru, Pyongyang, ushobora gufutwa kw’ikarata y’isi, mu gihe bokwerekana ikimenyetso na kimwe co kugaba igitero ca nucleaire.

Mu gihe hari amakenga ko Korea ya Ruguru ubu ishobora gushira ubumara bwa nucleaire ku mutwe wa rokete-bisigura ko bashobora kugaba igitero ca nucleaire-abahinga bavuga ko intambwe ico gihugu cateye muri iyi misi iteye amakenga.

Ku musi wa mbere, itororokanirizo ry’amakuru Yonhap risubiramwo inkuru ryavanye muri reta, ryanditse ko Korea ya ruguru yamaze kwitegurira irindi geragezwa rya nucleaire, mu cobo kimwe kitarakoreshwa kiri I Punggye-ri, mu misozi yo mu buraruko bushira ubuseruko.